Zuma yakozanyijeho na Ramaphosa

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jaco Zuma, yatanguje indwano idasanzwe ku wamusubiriye.

Mw’ikete ryashoboye gushika mu minwe y’abanyamakuru, Bwana Zuma avuga ko Cyril Ramaphosa, yahemukiye umugambwe ANC uri ku butegetsi, amwagiriza ko ariko akorera inyungu z’abazungu.

Ni ikete rikomeye ririmwo agashavu kenshi, mu gihe uyu mugambwe ubangamiwe n’ibibazo vyo kwicamwo imirwi.

Bwana Zuma yagiriza uwamusubiriye ko ariko arateza urubwa imva “z’abaguye mu minwe y’ingabo n’abacangero b’intwaro karyanishamiryango Apartheid” muri Afrika y’Epfo.

Avuga ko Bwana Ramaphoza ariko arahemukira ANC kugira ngo arokore ubuzima bwiwe bwite.

Avuga ko ikibabaje gusumba, ari uko ariko arasambura umugambwe kugira ngo ubutegetsi bugendere ku nyungu z’abazungu.

Iri kete ryanditswe mu gihe gikomeye.

Bwana Zuma ari imbere y’ubutungane yagirizwa kurya ibiturire, mu gihe urubanza rwiwe rumaze igihe kirekire rusa n’ururiko rurashika ku musozo.

Ariko cane cane, urwego rukuru rwa ANC rutegura ikoraniro mu mpera z’ino ndwi, uruhande rushigikiye Bwana Zuma rukaba rwiteguye kumuryamako.

Jacob Zuma yabaye umukuru w’igihugu wa Afrika Yepfo kuva mu 2009 akaba yatanze imihoho mu 2018 agondojwe n’umugambwe wiwe ANC, akaba yaregwa amakosa menshi ashingiye ku biturire..

Perezida Ramaphosa aherutse kwiyamiriza igiturire, avuga ko ANC ari yo yagirizwa ubwa mbere.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *